Uko wahagera

Dogiteri Aremeza ko Amagara ya Trump Yifashe Neza

Perezida Donald J. Trump avugana na Capt. Mark Kobelja, ayoboye ibitaro Walter Reed National Military Medical Center; na Dr. Ronny Jackson, akurikirana amagara ya perezida muri White House.
Perezida Donald J. Trump avugana na Capt. Mark Kobelja, ayoboye ibitaro Walter Reed National Military Medical Center; na Dr. Ronny Jackson, akurikirana amagara ya perezida muri White House.

Umuganga akurikirana amagara ya Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yatangaje ko amagara ya Trump ameze neza cane. Ni mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri ku biro vy'umukuru w'igihugu, White House.

Dr. Ronny Jackson yavuze ko inyishu zavuye mu bipimo vyose yakorewe vyerekana ko ameze neza cane kandi ko bishobora kuzoguma uko mu kiringo cose azomara ku butegetsi.

Dr. Jackson Yishura ibibazo vy'Abanyamakuru mu biro vya White House, Washington, kuwa 16, ukwezi kwa mbere, 2018
Dr. Jackson Yishura ibibazo vy'Abanyamakuru mu biro vya White House, Washington, kuwa 16, ukwezi kwa mbere, 2018

Perezida Donald Trump w’imyaka 71 y’amavuko apima ibiro 108 n’imetero 1 na santimetero 90 z’uburebure, abaye umuperezida wa gatatu w’Amerika apima ibiro vyinshi. Ni inyuma ya William Howard Taft na Grover Cleveland.

Muganga Jackson, yatangaje kandi ko ubwenge bwa Trump bumeze neza, ko atawogira amakenga ku bushobozi bw’ivyo ashoboye gukora. Ariko avuga ko umutima wiwe uremereye cane kandi ariko afata imiti kugira agabanye "Cholesterol" n’imiti irwanya gutakaza umushatsi.

Yamuhanuye kugira imyimenyerezo ya siporo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG