Uko wahagera

Odinga Azorahira nk' "Umukuru w'Abanyagihugu"


Raila Odinga, umukuru w'abatavugarumwe n'ubutegetsi muri Kenya, mu kiganiro n'Abanyamakuru i Nairobi, Kenya, mu kwezi kwa 11, italiki 7, 2017.
Raila Odinga, umukuru w'abatavugarumwe n'ubutegetsi muri Kenya, mu kiganiro n'Abanyamakuru i Nairobi, Kenya, mu kwezi kwa 11, italiki 7, 2017.

Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kenya, Raila Odinga, yongeye kumenyesha ko azokwirahiza kuba umukuru w’abanyagihugu mu mpera z’ukwezi kwa mbere, mu gihe hatoba ibiganiro na Perezida Uhuru Kenyatta.

Mu kiganiro yahaye Televiziyo y’Ijwi ry’Amerika, igisata c’Igiswahili kur’uyu wa kabiri, Odinga yahakanye ko ari amayeri yo gushaka kuganira na Perezida Kenyatta kugira aronke umwanya muri reta.

Ariko naho bir’uko, Odinga yavuze ko abatavugarumwe na reta bariko barondera uburyo bwo kuganira n’umugambwe Jubilee uri ku butegetsi muri Kenya.

Yavuze ko bipfuza kuganira ku bibazo bijanye n'ubutungane mu matora, ubwigenge bw’ubutungane, gusubiramwo gutunganya gusha igipolisi no gusubiramwo itunganwa ry’ubutegetsi mw’ibwirizwa shingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG