Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Canada vyatunganije inama kur'uyu wa kabiri, mu gisagara ca Vancouver muri Canada, yari igamije kwihweza uburyo bwo kuremera Koreya ya ruguru kugira gihebe imigambi yaco yerekeye ibirwanisho ruhonyanganda.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Amerika, Rex Tillerson, yahuye na mugenzi we wa Canada, Chrystia Freeland, mu nama n'abategetsi bava mu bihugu bigera kuri 20 kugira bihweze uburyo bw’ugushira neza mu ngiro ibihano Koreya ya ruguru yafatiwe.
Abo bategetsi bashaka kwerekana ko hari uburyo atari ubwa gisirikare bwo gukemura ikibazo ca Koreya ya ruguru. Koreya ya ruguru yarihojeje akamo katewe na ONU ko guhagarika kugerageza ibirwanisho ruhonyanganda na misile balistike.
Ubushinwa n’Uburusiya ntivyatumiwe mu nama y’uno musi ku wa kabiri mu gisagara ca Vancouver.
Facebook Forum