Uko wahagera

Abanyamerika Bibutse Martin Luther King Jr.


MLK - Lincoln Memorial
MLK - Lincoln Memorial

Abanyamerika kur’uyu wa mbere bibutse iragi basigiwe na Martin Luther King Jr. nkuko bimenyerewe buri mwaka, buri musi wa mbere ugira gatatu w’ukwezi kwa mbere.

King n’umunyamerika w’umwirabure yishwe mu mwaka w’1966 ahowe guharanira agateka k’abirabure bo muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Perezida wa reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yahimbarije uwo musi muri reta ya Florida. Yavuze ko indoto za King ari indoto za Amerika yose.

Babiri mu bana basizwe na King baneguye Trump ku majambo yavuze mu ndwi iheze ko abimukira bamuka muri Haiti, El Salvador na Afrika bava mu bihugu binuka, biboze.

Kuva aho avugiye ayo majambo, Trump abandanya yagirizwa ko ari umunyamacakubiri y’urukoba, ariko we aguma abihakana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG