Uko wahagera

Papa Faransisiko Asaba Amakungu Kwakira Impunzi


papa Faransisiko mu nkuka y'imisa yahariwe umusi mpuzamakungu w'impunzi n'abimukira, italiki 14, ukwezi kwa 1, 2018 i Roma
papa Faransisiko mu nkuka y'imisa yahariwe umusi mpuzamakungu w'impunzi n'abimukira, italiki 14, ukwezi kwa 1, 2018 i Roma

Papa Faransisiko, umwungere wa Ekleziya katolika yarongeye guhamagarira amakungu kwakira impunzi n’abimukira, kubwiwe, icaha ni ukwanka uwuza akugana.

Yabitangaje kur’uyu w’Imana, aho amakungu yahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi n’abimukira ku ncuro y’104.

Papa yagize ati: “Si icaha kugira amakenga canke guterwa n’ubwoba. Icaha ni ukureka ubwo bwoba bukaba ari bwo buguhitiramwo inyishu, bukakubuza umutima w’urukundo, bukagutera n'inzigo”.

Kuva ashingwa amabanga yo kurongora Ekleziya katolika mu kwezi kwa 3 umwaka w’2013, Papa ntiyigeze ahagarika kuvugira impunzi n’abimukira abasabira kwakirwa.

Yaragendeye izinga ry’Ubutaliyano rya Lampedusa, umuhora ucamwo izo mpunzi.

Mu kwezi kwa kane, umwaka w’2016, yaratahukanye mu ndege yiwe imiryango 3 y’impunzi z’Abayisilamu b’Abanyesiriya, inyuma y’urugendo yagize mu Bugiriki.

Mwomenya kandi ko kuva kur’uyu wa mbere, Papa aratangura urugendo rw’imisi 8 ku mugabane wa Amerika avukamwo, aho azogendera ibihugu vya Péru na Chili.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG