Uko wahagera

RDC: Urugamba Rurakomeye ku Barwanyi ba ADF


Abasirikare ba RDC i Beni, mu ntara ya Kivu y'uburaruko.

Igisirikare ca Republika iharanira demokarasi ya Congo caremeje kur’uyu w’Imana ko kimaze kwigarurira ibirindiro bibiri vyahora mu minwe y’abarwanyi b’Abaganda bahurikiye mu muhari ADF.

Ku musi wa gatandatu niho igisirikare ca RDC catumako abamenyeshamakuru kibamenyesha ko kigiye gutanguza urugamba n’umuhari ADF hafi y'igisagara ca Beni mu buraruko bw’intara ya Kivu y’Uburaruko.

Abarwanyi b’umuhari ADF bakekwa kuba aribo bishe abasirikare 14 ba ONU mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kabiri mur’iyi ntara nyene.

Ubuganda nabwo bwatangaje kur’uyu w’Imana ko ivyo bitero bishigikiwe n’ibihugu vyo mu karere, Afrika y’Epfo hamwe n’igisirikare cabwo.

Igisirikare ca Uganda cemeje kw’italiki ya 27 z’ukwezi kwa cumi na kabiri ko cishe abarwanyi ba ADF baharurwa mw’ijana mu bitero vy’indege cakoze mu buseruko bwa Congo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG