Uko wahagera

Amerika Yahagaritse Imfashanyo Yahaga Pakisitani


Heather Nauert ni umuvugizi wa Deparitoma ya Reta ya Amerika

Nta cizere kinini igihugu c’Ubuhindi gifise y'uko ingingo ya Amerika yo guhagarika imfashanyo yahora iha igihugu ca Pakistani igiye kugira akamaro. Ivyo bivuzwe inyuma y'aho Amerika itangarije kw'ihagaritse imfashanyo yaha Pakistani ingana n’umuriyaridi umwe n’ibice icenda, yahokoreshwa mu bijanye n’umutekano.

Amerika yahagaritse iyo mfashanyo mu mu ntubero yo kuremera Pakistani kugira yongereze inguvu mu mugambi wayo wo ku gwanya imirwi n’ibikorwa vy’iterabwoba.

Yamara abahinga bakurikiranira hafi ibitero vy'iterabwoba mu gisagara ca New Delhi, mu Buhindi, bavuga kw'ataco babona kizohinduka k'ukuntu reta ya Pakistani ikora mu kugwanya imirwi ikora ibitero vy'’iterabwoba mu karere ka Kashmi, irimwo umurwi witwa Hizbul Mujahideen.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG