Uko wahagera

Urwego rw’Indero n’Inyigisho Ruzahinyanyurwa muri Kenya


Kenya yiteguriye gutangura umugambi w’ihinyanyurwa ry’indero n’inyigisho mu mashure ya reta. Iryo hinyayurwa rifatiye ku kugerageza gushira inguvu mu bijanye n’ubuhinga kuruta ku bijanye n’ubumenyi kugira urwaruka rwitegurire ukuntu ubuzi buriko bugenda buhinduka muri iki gihe.

Icegeranyo ca ONU co mu 2016 cerekanye ko Kenya ari kimwe mu bihugu vyo mu karere k'Afurika y'ubuseruko bifise igitigiri kini c’abantu batagira ubuzi.

Iryo hinyanyugwa ry’indero n’inyigisho ribaye, ryoba irya kabiri rikomeye rigizwe ku gwego gw’igihugu kuva Kenya yikukiye.

Ihinyanyugwa rikomeye nkiryo ryakoze mu mwaka 1985. Ico gihe inyigisho zashizwe mu mugambi wa 8-4-4. Bisigura ko abanyeshure biga imyaka umunani y’amashure mato mato, imyaka ine yisumbuye hamwe n’ine ya kaminuza.

Ubu, iryo hinyanyugwa rishasha rigiye gushiraho umugambi w’imyaka y’amashure mu migwi ya 2-6-6-3.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG