Uko wahagera

Kur' uno musi wa kane igipolisi c’Ubufaransa catangaje ko catoye bimwe mu birezi midari y’inzahabu yari yaraye yibwe kw’ihoteli Ritz, mu gisagara ca Paris, m'Ubufaransa. Abategetsi bavuga ko babiri mu bikekwa kuba ar'abasuma, ntibarafatwa.

Akagwi k’abasuma batanu bivye ivyo birezi ejo ku musi wa gatatu, inyuma y'aho bamenaguriye ububiko izo nzahabu zibitsemwo. Bivye imidari y'inzahabu ifise agaciro kangana n’imiriyoni zitanu z’amadolari y’amanyamerika.

Igipolisi kramaze gufata batatu mu bikekwa ubwo busuma. Umwe mu basuma yahunze ari kw’ipikipiki, mu nyuma ahava agahava ata hasi agafuko karimwo izo nzahabu. Gushika ubu aracariko ararondegwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG