Uko wahagera

Gitega: Abapolisi Bakoze Imyimenyerezo yo Kugwanya Iterabwoba


Bamwe mu bapolisi b'Uburundi

Abapolisi bakorera mu karere ko hagati mu Burundi ku musi wa gatatu bagorobeje mu bikorwa vy’imyimenyerezo yo kurwanya abiyahuzi biturikirizako ibisasu.

Indongozi mu gipolisi zivuga kw’ar’ ubwa mbere iyo myimenyerezo ikorwa kandi igiye kubandanya no mu gihugu cose.

Igipolisi kivuga ko gifise inkuru y’uko hari imisore y’abarundi yoba iriko iranonosora inyigisho zijanye n’ibitero vy’iterabwoba mu bihugu vya reta za kisilamu, ishobora kugaruko kugira iterabwoba mu Burundi.

N’inkuru y’umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Fidele Nsabimana, ari I Gitega mu Burundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG