Uko wahagera

Reta ya Mali Yatanguje vyo Gutuza Abagizi ba Nabi.


Reta y’igihugu ca Mali igiye gutangura ibikorwa vy’ukugarukana umutekano hagati mu gihugu. Ibice binini vyo hagati mu gihugu bigenzurwa n’imirwi y’intagondwa z’abayislamu yitwaje ibirwanisho, irwanya ubutegetsi.

Ivyo vyatangajwe n’abategetsi ba Reta ya Mali.

Umutegetsi wo mu bushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’igihugu ca Mali, atashatse kw’zina ryiwe rimenyekana, yatangaje kw’ata birenga ngaho batangaza, canke italiki ivyo bikorwa bizotangurirako.

Yamara yamenyesheje kw’ar’ibikorwa bikomeye vy’ukurwanya iterabwoba bizobera mu bice vyo hagati mu gihugu.

Ivyo ni mu ntumbero y’ukwubahiriza umutekano w’abanyagihugu.

Abasirikare barenga igihumbi bazorungikwa mu bice vyo hagati mu gihugu. Bazogenzura ivyo bice bari ku maguru canke ku mapikipiki.

Abategetsi bajejwe umutekano muri Mali bavuga ko hari uburyo bukenewe kugira bashike ku migambi yabo mur’ivyo bikorwa vy’ukugarukana umutekano hagati mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG