Uko wahagera

Abanyezimbabwe Basaba Ukuri Ku Bishwe Ku Ntwaro ya Mugabe


Perezida Emmerson Mnangagwa, ibibamfu na Robert Mugabe yahoze atwara Zimbabwe.
Perezida Emmerson Mnangagwa, ibibamfu na Robert Mugabe yahoze atwara Zimbabwe.

Abaharanira agateka ka muntu mu bumanuko bwa Zimbabwe bariko basaba ukuri ku bwicanyi bwabaye mu myaka y’1980 bwakorewe abatavuga rumwe na Robert Mugabe yahoze arongoye ico gihugu.

Abantu bashika ku bihumbi 20 nibo bishwe n’abasirikare ba Zimbabwe bari baronkejwe imyimenyerezo ya gisirikare n’Abanyakoreya ya ruguru, igihe Emmerson Mnangagwa, atwara Zimbabwe mur'iki gihe yari umushikiranganji w’umutekano ico gihe.

Abarwanira agateka ka muntu basavye sentare nkuru y’igihugu gusaba reta gushira ahabona ivyavuye mu matohoza yakozwe na Komisiyo yashinzwe ico gikorwa.

Perezida Mugabe aheruka gukurwa mu mabanga aravugwa mu bagirizwa ubwo bwicanyi bwabaye hagati y’imyaka y’1982 n’1987 mu gihe c’intwaro yiwe.

Ubwo bwicanyi bwakorewe abanyagihugu bo mu bwoko bw’aba Ndebele bari bashigikiye Joshua Nkoma yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, mu nyuma ahitamwo kurwanya ubutegetsi bwa Mugabe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG