Uko wahagera

USA: Inkino Mpuzamakungu z'Abanonotsi


Visi President Mike Pence, ariko araramutsa abanyagihugu, imbere y'uko yinjira mu ngoro abashingamateka n'abakenguzamateka bakoreramwo, Capitol Hill.

Icegera ca Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pence n’umutambukanyi wiwe, Karen Pence bazoyobora umurwi w’Abanyamerika bazoja mu nkino mpuzamakungu za Olempike zo mu gihe c’ubukanye zizobera mu gihugu ca Koreya y’epfo mu kwezi kuza.

Ivyo vyatangajwe n’umutegetsi mu biro kwa perezida kur'uyu musi ku wa gatatu.

Icegera ca Perezida, Mike Pence azoja mu rugendo rwiwe kandi muri Reta ya Alaska kwihweza ubuhinga bw’ukwivuna misile balistike bwashizwe mur’iyo Reta.

Azogendera kandi igihugu c’Ubuyapani. Abategetsi bo mu biro kwa prezida bavuga ko Pence azosubira guhumuriza abategetsi b’ ibihugu vy’Ubuyapani na Koreya y’epfo ko Amerika ishigikiye kandi izofasha gucungera umutekano mu karere.

Igihugu ca Koreya ya ruguru cemeye ku musi wa kabiri kurungika abategetsi bakomeye bazoherekeza abanonotsi mu nkizo mpuzamakungu za Olempike zo mu gihe c’ubukanye muri Koreya y’epfo. Izo nkino zizotangura kw’italiki icenda y’ukwezi kwa kabiri.

Iyo nkuru yatangajwe ku musi wa kabiri inyuma y’ibiganiro amaso mu yandi vyabaye hagati y’abaserukira Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo.

Ivyo biganiro vyabereye ku rubibe Koreya ya ruguru ihana na Koreya y’epfo, ahaterewe umukono ku masezerano yahagaritse ingwano yo muri Koreya mu mwaka w’i 1953.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG