Uko wahagera

Uburayi Buranegura Abanyepolitike mu Matora Ahitiye muri Kenya


Abaturage bari bitabiriye amatora yo mu mwaka w’i 2017 mu gihugu ca Kenya
Abaturage bari bitabiriye amatora yo mu mwaka w’i 2017 mu gihugu ca Kenya

Umutegetsi mukuru w’umuryango w’ibihugu vya Bulaya yakwirikiranye amatora yo mu mwaka w’i 2017 mu gihugu ca Kenya, Marietje Schaake, avuga ko atagenze neza. Yavuze cane cane ku nyifato y’abanyepolitike.

Umuryango w’ibihugu vya Bulaya uriko usaba abategetsi ba Kenya gufata ingingo zizokomeza demokarasi mu gihugu.

Mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka y’umuryango w’ibihugu vya Bulaya ku musi wa kabiri, Marietje Schaake yagirije abanyepolitike ku bitagenze neza mu matora yo mu mwaka w’i 2017. Amenyesha ko amatora yageramiwe n’abanyepolitike no kuba ata biganiro vyabaye hagati y’impande zari zihanganye mu matora.

Marietje Schaake avuga kw’ivyo vyaciye inkokora abatora, bituma haba umwuka mubi hagati y’abanyepolitike kandi n’igihugu cicamwo ibice.

Mu kiringo kiri musi y’amezi atatu mu mwaka w’i 2017, urwego rujejwe gutunganya amatora muri Kenya rwateguye amatora y’umukuru w’igihugu incuro zibiri.

Amatora ya mbere yabaye mu kwezi kw’umunani yarafuswe na sentare ntahinyuzwa y’igihugu. Ivyo vyabaye inyuma yuko iyo sentare isanze hari ibitagenze neza mu gushikiriza ivyavuye mu matora.

Amatora yasubiwemwo aya mbere yabaye mu kwezi kw’icumi. Perezida Uhuru Kenyatta yatsinze n’ibice 98 kw’ijana vy’amajwi. Ivyo inyuma yuko uwo bahiganwa, Raila Odinga avuye mur’ayo matora.

Marietje Schaake avuga abategetsi b’igihugu ca Kenya bakwiriye gufata ingingo zihutirwa ku bijanye na demokarasi mu gihugu. Ivyo kubera hari amakenga kw’abanyagihugu bashobora kurambirwa n’ukwitabira amatora muri kazoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG