Uko wahagera

Itegeko Rihana Gufata ku Nguvu muri Somaliland


Perezida wa SOmaliland n'abafasha be bo hafi
Perezida wa SOmaliland n'abafasha be bo hafi

Abashingamateka mu ntara ya Somaliland yiyonkoye kuri Somaliya bemeje mu bubaye ubwa mbere itegeko rihana icaha c’ugufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu. Iyo ngingo yabonywe nk’intsinzi ikomeye ku bapfasoni mur’iyo ntara ikigendera ku mico n’imigenzo ya kera.

Umushingamateka Ibrahim Mahdi Buba yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, kw’iryo tegeko rizofasha kurandurana n’imizi amabi akorerwa abapfasoni.

Inyuma y’imyaka indwi y’impari, itegeko rihana icaha c’ugufata abapfasoni n’abakenyeziz ku nguvu ryaremejwe ku musi wa mbere mu gisagara ca Hergeisa, umurwa mukuru w’intara ya Somaliland yiyonkoye kuri Somalia mu mwaka w’i 1991.

Abashingamateka 46 kuri 51 baremeje iryo tegeko. Iryo tegeko ritegerezwa guca mu nama nkenguzamateka imbere yuko riterwako umukono na perezida wa Somaliland.

Iryo tegeko rishasha rizotuma abapfasoni n’abigeme bafashwe ku nguvu batambikwa iceyi. Rizotuma uwakoze ayo mabi ahanwa gushika ku myaka mirongo itanu mu munyororo.

Umushikiranganji ajejwe imibano muri Somaliland, Hinda Gani avuga kw’iryo tegeko ar’intsinzi ku bapfasoni mur’iyo ntara.

Ukwikukira kw’intara ya Somaliland ntikwigeze kwemerwa n’amakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG