Uko wahagera

Koreya Zompi Zoba Gigiye Kwumvikana?


Intumwa za Koreya Zompi mu biganiro vyo ku rwego rwo hejuru

Ibihugu vya Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo vyumvikanye, uno musi ku wa kabiri, ku vyerekeye kugirana ibiganiro bigenewe gutuma imigenderanire hagati yavyo isubira kumera neza. Izo mpande zibiri zabitangaje inyuma y’ibiganiro vya mbere amaso mu yandi bibaye mu kiringo kirenga imyaka ibiri.

Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo vyamenyesheje mw’itangazo vyashikirije hamwe ko vyumvikanye ku vyerekeye guhwamika umwuka mubi uhari mur’iki gihe hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Izo mpande zompi zemeye kandi kugirana ibiganiro bigenewe gutorera inyishu ibibazo vya gisirikare mu karere ka Koreya.

Koreya ya ruguru yongeye kandi iremera kuja mu nkino mpuzamakungu za olempike zizobera muri Koreya y’epfo mu kwezi kwa kabiri.

Ayo masezerano yashitsweko inyuma y’ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru vyabaye hagati ya Koreya zompi kur'uyu wa kabiri ku rubibe ivyo bihugu bihana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG