Uko wahagera

Ibiganiro Hagati ya Koreya Zombi Vyatanguye


Inyubakwa Peace House, muri Koreya y'epfo, ahabera ibiganiro hagati ka Koreya Zibiri.

Intumwa zo ku rwego rwo hejuru za Koreya zompi kur’uyu wa kabiri zabonanye mu biganiro amaso mu yandi. Ivyo bibaye inyuma y’imyaka ibiri yari ihaciye bidacana uwaka, ibiganiro bitumbereye ku nkino za Olempike inyuma y’ukudacana uwaka kwatewe n’umugambi wa Koreya ya ruguru wo gukora ibirwanisho vya Nikleyeli.

Ivyo biganiro vyatanguye kur'uyu wa kabiri vyitezwemwo kuvugwamwo nimba Ivyo bihugu bibiri bizokwemera gutambukira hamwe mu birori vyo kwugurura izo nkino.

Ibindi bashobora kuganirako birimwo gusubira guhuza imiryango y’abanyagihugu bavyo baba muri kimwe mur’ivyo bihugu batandukanye hamwe no kunagura imigenderanire.

Reta zunze ubumwe z’Amerika nta ruhara ifise mur’iyo mibonano. Perezida Donald Trump yarashimye iyo ntambwe yipfuza kandi ko boganira no ku bindi birenze kur’izo nkino za Olempike.

Yaremeye kandi ko yiteguye kuganira na Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un igihe gikwiye gishitse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG