Uko wahagera

USA: Amatohoza Yoba Agiye Gutandukira Perezida Trump


Umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller ariko aratohoza ku ruhara rwa Trump n’abamwegereye mu matora yo muri 2016.
Umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller ariko aratohoza ku ruhara rwa Trump n’abamwegereye mu matora yo muri 2016.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu, Maison Blanche, muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa mbere vyanse kugira ico bishikirije ku makuru y’uko Perezida Donald Trump ashobora kuzobazwa ibibazo n’umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller.

Mueller asanzwe ariko aratohoza ku ruhara rwa Trump n’abamwegereye mu matora yo muri 2016 yigeze kuyobora ibiro FBI bijejwe gukurikirana inyamiramabi kuva mu mwaka w’2001 gushika 2013.

Aheruka kandi guhana bamwe mu begereye Trump, barimwo Jenerale Michael Flynn, yigeze kuba umuhanuzi wa perezida muvy’umutekano w’igihugu.

Ikinyamakuru The Washington Post candikira muri Amerika kiremeza ko uwo mushikirizamanza mukuru ashobora kubaza Trump mu ndwi ziri imbere, ariko aho bazobonanira, hamwe n’igihe bazobonanira n’ingene bazobonana biracari mu biganiro hagati y’izo mpande zibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG