Uko wahagera

Ibitero vya Reta ya Kiyisilamu Vyateshejwe muri Yorodaniya


Ikarata ya Yorudaniya
Ikarata ya Yorudaniya

Ibiro vy’iperereza vy’igihugu ca Yorodaniya bitangaza ko vyatesheje ibitero bikomeye vyari vyateguwe kugigwa n’umuhari uharanira reta ya Kiyisilamu. Vyatangajwe n’ikinyamakuru ca reta kuri uno musi wa mbere.

Ico kinyakamakuru Petra, gitangaza ko reta yafashe abagwanyi 17 b’uwo muhari bongere barafata ibigwanisho bari bafise mu mugambi wo kugira ibitero kubayobozi bamwe bamwe b’idini.

Uwo mugwi bafashe wari wateguye kwiba amafaranga mu mabanki, kwiba imiduga bokoresheje mukugura ivyo bitero. Abo bagwanyi bari bateguye kandi amabombe hakoreshejwe ibikoresho baguze mu maduka muri ako karere.

Yorodaniya ni kimwe mu bihugu vyifadikanije n’ururani rw’ibihugu biyobowe na Reta zunze ubumwe za Amerika mu kugwanya uwo muhari uharanira reta ya ki Islamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG