Uko wahagera

USA: Ikigo CIA Kirahakana Kugira uruhara mu Bibera muri Irani


Icicari c'ikigo CIA Kijejwe iperereza hanze ya reta zunze ubumwe z'Amerika i Langley, muri Reta ya Virginia, USA
Icicari c'ikigo CIA Kijejwe iperereza hanze ya reta zunze ubumwe z'Amerika i Langley, muri Reta ya Virginia, USA

Mike Pompeo, umuyobozi w’ikigo CIA ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kijejwe iperereza hanze y’igihugu, kur’uyu w’Imana yamenyesheje ko ico kigo ata ruhara na rumwe gifise mu myiyerekano yabaye muri Irani mu ndwi irangiye. Yariko yishura ku vyagiriji vy’abategetsi ba Irani.

Pompeo yagize ati: "Ni ikinyoma. Vyakozwe n’Abanya Irani ubwabo. Nibo bavyiyumviriye, babishira mu ngiro, basaba ubuzima bubereye no kuvavanura n’ubutegetsi bwiyita ko buva ku Mana burongoye igihugu kuva mu mwaka w’ 1979". Yabivugiye kuri Televiziyo Fox News yo muri Amerika kur’uyu w’Imana.

Umushikirizamanza mukuru wa Irani, Mohammad Jafar Montazeri, yavuze ko ibihugu vya Reta zunze ubumwe z’Amerika, Isirayeli na Arabiya Sawudite kuba arivyo vyagirizwa urupfu rw’abantu bashika 21 bapfiriye mur’iyo myiyerekano, kuva kw’italiki 28 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG