Uko wahagera

Abimukira Bashika 300 Bararokowe ku Nkengera za Libiya


Abimukira bashika 300 bararokowe kur’uyu w’Imana ku nkengera za Libiya bari mu bwato bubiri bariko bagerageza kujabuka mu Burayi. Ivyo vyatangajwe n’igisirikare ca Libiya gicungera imbibe z’amazi.

Ivyo bikorwa vyo gutabara vyabereye ku bilometero 50 mu buseruko bw’umurwa mukuru Tripoli.

Ivyo bibaye mu gihe ku musi wa gatandatu, abimukira 25 bapfuye ku nkengera za Libiya nyene, igihe ubwato bwarimwo abashika 150 bwibira mu mazi, nkuko bishikirizwa n’amashirahamwe abiri atabara.

Mu mwaka uheze, abashika 3.116 barapfuye bariko bagerageza kujabuka ibahari Mediterane bagana ku mugabane wa Buraya, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi n’abimukira (OIM).

Utwigoro twakozwe n’Ubutaliyano kugira babuze Abimukira kuva muri Libiya twatumye abagana uwo mugabane bagabanuka gushika ku bice 70 Kw’ijana mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2017, ugereganije n’ico kiringo nyene mu mwaka wa 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG