Uko wahagera

ONU Iranegura Iyicwa ry’Abanyagihugu 20 mu Misiri.


Ibiro vya Komiseri wa ONU ajejwe agateka ka muntu biranegura iyicwa ry’abantu 20 bagirijwe ivyaha vy’iterabwoba.

Abantu batanu bishwe bamanitswe mu gisagara ca Alexandira kw’itariki 2 z’uku kwa mbere. Indwi imwe imbere yaho, abandi bantu 15 nabo nyene bishwe bamanitswe aho bari bari mumunyororo w’akarere ka Sinayi. Abo bantu bose baciriwe imanza muri santare za gisirikare bagirigwa ivyaha bijanye n’iterabwoba.

Liz Throssel, umuvugizi w’ivyo biro vya ONU bijejwe agateka ka muntu, avuga ko batangajwe cane n’ubwo bwicanyi. Asigura ko bafise amakenga menshi yuko abo bantu bose bataciriwe imanza neza, kuko avuga ko akenshi imanza ziciriwe muri sentare za gisirikare zidaha uburenganzira bumwe bumwe abasivile bemerewe muri sentare zisanzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG