Uko wahagera

Koreya Zompi Zoba Zigiye Kunagura Imigenderanire?


Umushikiranganji wa Koreya y'epfo ajejwe guhuza Koreya zompi, Cho Myoung-gyon mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, I Seoul, muri Koreya y'Epfo.
Umushikiranganji wa Koreya y'epfo ajejwe guhuza Koreya zompi, Cho Myoung-gyon mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, I Seoul, muri Koreya y'Epfo.

Koreya ya ruguru kur’uyu wa gatanu yemeye icipfuzo ca Koreya y’epfo co gutangura ibiganiro ku musi wa kabiri uza. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Koreya y’epfo ajejwe imigenderanire no guhuza izo Koreya zompi.

Uyo mubonano uzobera ahitwa Panmunjom, hafi y’urubibe ruhuza ivyo bihugu, ninaho hasinyiwe amasezerano yo guhagarika intambara ya Koreya mu mwaka w’1953.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Baek Tae-Hyun, yabwiye abamenyeshamakuru ko ivyo biganiro bizoba vyerekeye inkino mpuzamakungu za Olympike zizobera muri Koreya y’epfo mu kwezi kwa kabiri hamwe n’ukunagura imigenderanire hagati y’ivyo bihugu.

Ivyo biganiro bizoba kandi bibaye inyuma y’imyaka ibiri yari ihaciye hari icuka kibi mur’iryo zinga, aho Koreya ya ruguru yagerageje incuro zitatu ibisasu vya Nikleyeri kandi yongereje ibikorwa vyo kurungika mu kirere Misile.

Koreya zose kuva ku musi wa gatatu zarasubiye gufungura umuhora wa telefone zahoze zivuganirako, wari warahagaritswe kuva mu mwaka wa 2016.

Reta zunze ubumwe z’Amerika na Koreya y’epfo navyo vyemeranije kur’uyu wa kane guhagarika imyimenyerezo ya gisirikare yari itegekanijwe mu bihe vy’inkino za Olympika kugira ntibirakaze Koreya ya ruguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG