Uko wahagera

Amerika Yahagaritse Imfashanyo Yaha Igisirikare ca Pakistani


Abasirikare ba Pakistani bariko batwara ibiduga vyo mu ntambara mu buraruko bwa Waziristan, mu ntara ya Karachi, Pakistan

Reta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje kur’uyu wa kane ko ihagaritse imfashanyo yaha igisirikare ca Pakistani, yama yagirije ko ata bushake gifise bwo kurwanya Abatalibani mu ntumbero yo guhasha iterabwoba.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n'ayandi makungu muri Amerika, Heather Nauert, niwe yabishikirije ariko ntiyatomoye igitigiri c’imfashanyo y’amafaranga yahagaritswe.

Yavuze ko ayo mafaranga yiyongereye ku zindi miliyoni 255 z’amadolari yahagaritswe imbere y'aho yahora afasha ico gisirikare ca Pakistani.

Heather avuga ko mu gihe Pakistani yokwerekana ubushake mu kurwanya Abarwanyi b’Abatalibani Amerika ishobora kuzokwisubirako kur’iyi ngingo.

Abatalibani bagirizwa guhungabanya umutekano w’akarere kandi babangamiye umutekano w’Abanyamerika muri Pakistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG