Uko wahagera

Ingwano Yasubiye Kwaduka muri Sudani yo mu Bumanuko


Abasirikare ba Reta ya Sudani yo mu bumanuko
Abasirikare ba Reta ya Sudani yo mu bumanuko

Abantu batari bake bavurwa ko bapfuye inyuma y’ugutana mu mitwe hagati y’inteko za Reta y’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko n’inteko zirwanya ubutegetsi mu ntara ya Yei River.

Uko kubaye ukundi kurenga ku masezerano y’uguhagarika ingwano amaze indwi zibiri.

Mu ntango z’iyi ndwi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza na Norgeve vyaragabishije bikomeye abasirikare bakuru bayoboye impande zitana mu mitwe ko bategerezwa kwubahiriza agahengwe kashitsweko hagati ya Reta n’imirwi itandukanye irwanya Reta.

Amasezerano y’uguhagarika ingwano yateweko igikumu ku murwa mukuru w’igihugu ca Etiyopiya, Addis Abeba kw’italiki 21 z’ukwezi kw’icumi na kabiri.

Ugutana mu mitwe mu ntara ya Yei River kwabaye hagati y’inteko za Reta n’inteko zishigikiye Riek Machar yahoze ar’icegera ca perezida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG