Uko wahagera

Somaliya: Abashikiranganji Batatu Birukanwe


Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Hassan Ali Khaire
Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Hassan Ali Khaire

Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Hassan Ali Khaire, yirukanye abashikiranganji bakomeye batatu uno musi ku wa kane: umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Yusuf Garad Omar, umushikiranganji ajejwe ubudandaji, Khadra Ahmed Duale, n’umushikiranganaji w’intwaro yo hagati, Abdi Farah Said. Aba bashikiranganji basubiriwe n’abava mu miryango yabo kavukire.

Nta mvo yatanzwe kur’iyo ngingo. Yamara ifashwe mu gihe har’ibinebaguro ko Reta itagiye inama n’inararibonye ziserukira imiryango kavukire mu gihugu ku ngingo zayo. Ifashwe kandi inyuma y’ukutumvikana kwari kumaze indwi zitari nke hagati y’abayoboye abatavuga rumwe na Reta n’abaserukira imiryango kavukire mu gihugu.

Mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi n’umutegetsi mukuru w’igisirikare c’igihugu baratanze imihoho, mu nyuma yaho barasubirirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG