Uko wahagera

Afrika y’Epfo: 18 Baguye mu Mpanuka y’Itereni


Itereni yasekana n’ikamyo ahitwa Kroonstad
Itereni yasekana n’ikamyo ahitwa Kroonstad

Abantu 18 bapfuye abandi barenga 260 barakomereka kur'uyu wa kane, mu gihugu ca Afrika y’epfo. Ivyo vyabaye igihe itereni yasekana n’ikamyo ahitwa Kroonstad, igice kiri hagati mu gihugu.

Umuvugizi wa Reta yo mu karere ka Kroonstad, Mondli Mvambi, yagabishije kw’igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera. Avuga ko hashobora kuba har’ibindi biziga mu bindi bice vy’itereni yagize impanuka. Yatangaje kw’ibikorwa vy’ugutabara vyabandanije.

Abakomeretse bavuriwe ahabereye iyo mpanuka abandi bajanywe mu bitaro. Iyo tereni yari itwaye abantu batari bake yar’ivanye mu gisagara ca Port Elizabeth ibajanye mu gisagara ca Johannesburg.

Itereni yasekana n’ikamyo ahitwa Kroonstad n’ikamyo ahitwa Kroonstad, igice kiri hagati mu gihugu.
Itereni yasekana n’ikamyo ahitwa Kroonstad n’ikamyo ahitwa Kroonstad, igice kiri hagati mu gihugu.

Ku bw’ababonye vyabaye, itereni yataye inzira yayo, iraka umuriro inyuma yuko isetse ikamyo mu karere ka Kroonstad, ku bilometero 200 mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Johannesburg.

Ivyatumye iyo mpanuka iba ntibiramenyekana. Umudereva w’ikamyo yasekanye n’iyo tereni yajanywe mu bitaro. Bitegekanijwe kw’asuzumwa ko yoba yari yanyonye inzoga.

Iyo mpanuka ibaye mu gihe c’uburuhuko bw’abanyeshule mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG