Uko wahagera

Perezida Trump Ahanganye n'Uwahoze ari Umuhanuzi Wiwe


Steve Bannon yahoze ar’umuhanuzi akomeye wa Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump
Steve Bannon yahoze ar’umuhanuzi akomeye wa Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump

Steve Bannon yahoze ar’umuhanuzi akomeye mu bijanye nw’imigambi wa Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, avuga ata na kimwe kizomutandukanya na Perezida Trump hamwe n’imigambi yiwe.

Ivyo n’inyuma yuko Perezida Trump amwifatiye mu gahanga kuvyo yatangaje mu gitabo gishasha kuri reta yiwe.

Bannon, asubirwamwo mur’ico gitabo, avuga kuba umuhungu mukuru wa Perezida Trump hamwe n’abandi babonanye n’abaserukira igihugu c’Uburusiya mu gihe c’ukwiyamamaza kwa Trump mu mwaka w’i 2016 kwabaye uguhemuka n’ukudakunda igihugu. Umutegetsi mukuru ajejwe gutangaza amakuru mu biro kwa Perezida Trump, Sarah Huckabee Sanders, yabwiye abamenyeshamakuru, ku musi wa gatatu, kw’ivyatangajwe na Steve Bannon vyamushavuje cane.

Perezida Trump yavuze ko Steve Bannon ata na kimwe bahuriyeko. Yavuze ko yataye umutwe inyuma yuko yirukanywe mu mabanga yar’ajejwe. Perezida Trump avuga ko Steve Bannon yivugira ku giti ciwe.

Amasaha makeyi inyuma yaho Bannon avugira kuri Radiyo y’ikinyamakuru ciwe Breibart, yatangaje ko Perezida Trump ar’umuntu mziza kandi ko amushigikiye igihe cose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG