Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yatangaje, uno musi ku wa kane, kw’ariwe yagize uruhara mu gusubira kubandanya kw’ibiganiro hagati ya Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo mu butumwa yashize ku rubuga Twitter.
Ku musi wa gatatu, Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo vyarasubiye kwugurura umurongo wa telefoni ukoreshwa mu gihe c’imishamirano ku rubibe ivyo bihugu bihana. Uwo murongo wari wugawe kuva mu mwaka w’i 2016 wasubiye kwugururwa inyuma yuko umutegetsi w’igihugu ca Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, yemeye kurungika umurwi w’abanonotsi bo mur’ico gihugu mu nkino mpuzamakungu za Olempike zo mu gihe c’ubukanye zizobera muri Koreya y’epfo mu kwezi kuza.
Inyuma yuko ivyo bibaye abategetsi ba Koreya y’epfo baremeje ko bavuganye n’abategetsi ba Koreya ya ruguru mu kiringo c’iminuta mirongo ibiri.
Facebook Forum