Uko wahagera

Imyiyerakano Irabandanya muri Irani


Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasubiye gushigikira abanyagihugu bo muri Irani. Uwuserukira Irani mw’ishirahamwe mpuzamakungu Onu yagirije Amerika kw’iriko yivanga mu biraba igihugu ciwe.

Uruhagara muri Irani rumaze indwi n’imyiyerekano isaba Reta ya Irani gutorera inyishu ibibazo vy’ubutunzi biri mu gihugu hamwe n’ugutunganya gushasha inzego za Reta.

Abantu mirongo ibiri n’umwe barishwe abandi amajana n’amajana barahagarikwa. Itangazamakuru rya Reta ya Irani ryerekanye amasanamu y’abantu bari mu myiyerekano y’ugushigikira Reta ku musi wa gatatu.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, akoresheje urubuga Twitter, yarasubiye gushigikira abantu badashimishijwe na Reta y’igihugu ca Irani.

Abategetsi bakomeye ba Irani, harimwo umutegetsi mukuru w’ico gihugu, Ayatollah Ali Khamenei, bagirije amareta yo mu mahanga kw’ariyo ar’inyuma y’imyiyerekano y’ukwiyamiriza Reta iriko iraba mu gihugu cabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG