Uko wahagera

Zimbabwe: Umunyamerikakazi O’Donavan Yarekuwe


Sentare mu gihugu ca Zimbabwe yarekuye Martha O’Donovan, Umunyamerikakazi yagirijwe ko yatutse Robert Mugabe yahoze ari perezida wa Zimbabwe akoresheje urubuga Twitter mu mwaka uheze. Sentare yamugize umwere uno musi ku wa kane inyuma yuko abashikirizamanza badashoboye kuyiha italiki y’urubanza.

Martha O’Donovan yahagaristwe mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze inyuma yuko yagirijwe ko yavuze, akoresheje urubuga Twitter, ko Robert Mugabe yari akiri perezida ico gihe ar’umuntu yikwegerako ibintu vyose kandi arwaye mu mutwe.

Obey Shava (lbumoso), Avoka wa Martha O’Donovan
Obey Shava (lbumoso), Avoka wa Martha O’Donovan

Yari yagirijwe mu ntango ko yatutse Mugabe, imbere yuko abashikirizamanza bongerako icaha c’uguhungabanya umutekano w’igihugu. Indwi z’inyuma yaho, Mugabe yaratanze imihoho mu mabanga y’umukuru w’igihugu inyuma yuko aremewe n’igisirikare.

Martha O’Donovan akorera televiziyo Magamba ikorera mu gihugu ca Zimbabwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG