Uko wahagera

Imishahara y'Abakozi ba Reta Yoba Igiye Kugabanwa muri Cadi


Perezida wa Cadi Idriss Deby
Perezida wa Cadi Idriss Deby

Amashirahamwe aserukira abakozi ba reta muri Cadi ku musi wa gatatu niho yamenyeshwa ko imishahara y’abakozi izogabanywa mur’uyu mwaka wa 2018.

Bavuga ko hasigaye ko umukuru w’igihugu atera umukono kur’iyo ngingo igamije guhangana n’ibibazo vy’ubutunzi ico gihugu kirimwo.

Abakozi ba reta, ku ruhande rwabo bamenyesha ko mu gihe reta yobishira mu ngiro bazoca bihereza amabarabara, nkuko bishikirizwa na Gounoug Faïma Ganfaré, umunyamabanga mukuru w’ihuriro ry’amasendika y’abakozi muri Cadi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG