Uko wahagera

Indege 7 z'Uburusiya Zarononwe n'Abarwanya Reta muri Siriya


Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abarusiya, Kommersant, ritangaza ko indege zishika 7 z’Uburusiya zononwe canke zasambuwe n’abarwanya reta ya Siriya, muri kimwe mu bitero Uburusiya butari bwakorerwe kuva butanguye ibikorwa vya gisirikare mur’ico gihugu.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya ntaco buravuga kur’ico gitero coba cakomerekeje kandi n’abasirikare bashika kuri 10.

Itororokanirizo ry’amakuru, Kommersant, rivuga ko ivyo vyabereye ku kibuga c'indege z’Uburusiya kiri ahitwa Hmeymim, mu buseruko bwa Siriya hafi y’ibahari Mediterane kandi ko n’ububiko bw’amasasu bwatewe.

Ivyo bibaye mu gihe Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin atangarije kw’italiki ya 11 z’ukwezi kwa cumi na kabiri ko agiye gutangura gutahukana abasirikare biwe bari muri Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG