Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yoba Igiye Kurungika Iyindi Misile


Umukuru wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un araba ingene Misile irungikwa mu kirere.
Umukuru wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un araba ingene Misile irungikwa mu kirere.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zitangaza ko ziteguriye gufatira ibindi bihano Koreya ya ruguru mu gihe ico gihugu cohirahira kikongera kugerageza ikindi gisasu ca Nikleyeli. Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa kabiri na Nikki Haley, Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri ONU.

Haley avuga ko hari urukurukuru yuko Koreya ya ruguru iri mu myiteguro yo kugerageza iyindi misile, ati "mu gihe ivyo vyoba ntakabuza ibindi bihano vyoca bikurikira".

Ambasaderi Haley avuga kandi ko amakungu akwiye kuguma ashize hamwe kandi agavye kugira ico gihugu ntigihabwe akaryo ko gutunga ikirwanisho ruhonyanganda.

Mu mwaka wa 2017 urangiye , ONU yafatiye ico gihugu ibihano vy'ubutunzi incuro zitatu zikurikirana bisabwe n’Amerika, ibihano biriko birakora bikomeye ku butunzi bwa Koreya ya ruguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG