Uko wahagera

Somaliya: Abagabo 5 Bagirijwe Igitero c'Iterabwoba Cahitanye 512


Umusirikare wa Somaliya afasha uwakomerekeye mu gitero c'iterabwoba i Mogadishu, muri Somaliya,
Umusirikare wa Somaliya afasha uwakomerekeye mu gitero c'iterabwoba i Mogadishu, muri Somaliya,

Ubutungane bwa Somaliya bwagirije abagabo 5 kuba bagize uruhara mu gitero c’iterabwoba c’imodoka yo mu bwoko bwa kamyo yar’itezwemwo bombe ihitana abantu 512 i Mogadishu kw’itariki ya 14 y’ukwezi kwa cumi, umwaka wa 2017.

Bane mur’abo barengutse imbere y’ubutungane basanzwe bari mu minwe ya reta mu gihe uwugira gatanu akironderwa.

Abategetsi ba Somaliya bavuze ko badakekeranya umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab niwo uri inyuma y’ico gitero, naho utaciyitiriye.

Al-Shabab waragavye ibitero vy’ubwihevyi bitari bike ukoresheje imodokari, ibindi biterwa n’abari ku maguru mu mahoteri, mu nzu z’uburiro hamwe no mu bindi bibanza bihurumbirwa n’abantu benshi I Mogadishu ku murwa mukuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG