Uko wahagera

Perezida Kim Jong Un Aragabisha Amerika


Perezida Kim Jong Un wa Koreya ya ruguru ashikiriza Ijambo ryo kwipfuriza umwaka mushasha wa 2018 abanyagihugu biwe.
Perezida Kim Jong Un wa Koreya ya ruguru ashikiriza Ijambo ryo kwipfuriza umwaka mushasha wa 2018 abanyagihugu biwe.

Umukuru w’igihugu ca Koreya ya ruguru Kim Jong Un yatangaje ko Reta zunze ubumwe z’Amerika gikwiye kwemera ko igihugu ciwe kiza gifise ibirwanisho vya Nikleyeli.

Mw’ijambo yashikirije yipfuriza abanyagihugu biwe umwaka mushasha, Perezida Kim yaragabishije avuga ko ashobora kurungika igisasu ca Nikleyeri ari mu biro vyiwe.

Ati "Ubutaka bwose bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bushobora guterwa ati kandi Amerika ntize ihirehire itanguze imusotore canke ngo itere igihugu ciwe."

Uwo mutegetsi wa Koreya ya ruguru yavuze ko igihugu ciwe gishobora kwivuna igitero cise coza giturutse muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Yavuze kandi ko yiteguye kuganira na Koreya y’epfo mu ntumbero yo kuronderera hamwe amahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG