Uko wahagera

Papa Fransisko Yifurije Abatuye Isi Amahoro


Papa Fransisko I Vatican
Papa Fransisko I Vatican

Umwungere wa Ekleziya katolika Papa Fransisko, mu misa yiwe yo kuri uno wa mbere, yahamagariye abakirisu bose gusengera no kwitaho kurusha abimukira n’impunzi .

Papa Fransisko, yibukije ko abimukira bava mu bihugu bikenye bahura n’amakuba atagira izina; harimwo kubura ubuzima igihe baba bariko bashaka kuja kurondera icorirenza mu bihugu bikize.

Papa Fransisko yasozereye imisa yiwe yipfuriza isi yose “Umwaka w’Amahoro”. Ni mugihe igenekerezo rya mbere ukwezi kwa mbere uko umwaka utashe, amakungu ahimbaza umusi wahariwe amahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG