Uko wahagera

Abashika 18 Barishwe n'Umwiyahuzi muri Afuganistani


Umwiyahuzi yiturikijeko bombe kur'uyu w'Imana yica abantu bashika kuri 18 mu gitero cari gitumbereye abantu bari ku maziko y’umukuru wa distrikte yo mu buseruko bwa Afghanistani, mu ntara ya Nangarhar.

Nta muhari uriyemerera ko ariwo wagavye ico gitero. Abatalibani bahakanye ko ata ruhara babigizemwo.

Ico gitero cabaye mu gihe hari haheze imisi mike habaye ikindi gitero cahitanye abashika 41 gikomeretsa abarenga 80 ku kigo ndangakaranga c’Abayiisilamu bo mu bwoko bw’abashiite ku murwa mukuru Kabul.

Ico naco umuhari wa reta ya kiyisilamu waremeye ko ariwo wagikoze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG