Uko wahagera

Igitero c'Umwiyahuzi Cahitanye 1 muri Kameruni


Kameruni kw'ikarata
Kameruni kw'ikarata

Umusivile umwe yishwe, abandi 28 barakomereka mu gitero c’umwiyahuzi cabaye ku musi w’Imana mu mihana y’ahitwa Bia hafi ya Kolofata mu ntara iri mu buraruko bw’igihugu ca Kameruni. Iyo ntara ikunda kuberamwo ibitero vy’umurwi w’intagondwa z’Abayislamu, Boko Haram.

Ababonye ivyabaye babajijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, kw’itelefone, batangaje kw’umupfasoni yari afise bombe yayiturikije mu kibanza abantu bafunguriramwo mu mihana y’ahitwa Bia.

Iyo bombe yahitanye umuntu umwe, ikomeretsa abandi 28. Abakomeretse bajanywe mu bitaro vy’ahitwa Mora mu gice ca Mayo-Sava. Ico gice gihana urubibe n’igihugu ca Nijeriya gikunda kuberamwo ibitero vy’abiyahuzi vyagirizwa umurwi Boko Haram.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG