Uko wahagera

Kenya: Impanuka ya Bisi Yahitanye Abantu 30

Ibisigarira vya bisi n'ikamyo vyasekanye kw'ibarabara rikuru riri hagati ya Nakuruna Eldoret mu gihugu ca Kenya mu gitondo co ku musi w'Imana, italiki 31 z'ukweziz kw'icumi na kabiri, umwaka w'i 2017
Ibisigarira vya bisi n'ikamyo vyasekanye kw'ibarabara rikuru riri hagati ya Nakuruna Eldoret mu gihugu ca Kenya mu gitondo co ku musi w'Imana, italiki 31 z'ukweziz kw'icumi na kabiri, umwaka w'i 2017

Isanganya y’ibisi yabareye hagati mu gihugu ca Kenya mu gitondo co ku musi w’Imana yahitanye abantu 36, abandi 11 barakomereka.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, AFP, rimenyesha kw’iyo mpanuka yabereye kw’ibaharabara rikuru riri hagati ya Nakuru na Eldoret igihe bisi yari ivuye ahitwa Busia yasekana n’ikamyo yari ivuye mu gisagara ca Nakuru.

Abantu barenga 100 barapfiriye kur’ico gice c’iryo barabara mu kwezi kw’icumi na kabiri kwonyene. Ivyo bitangazwa n’igipolisi.

Ku bw’ikinyamakuru c’igihugu ca Kenya, The Star, iyo bisi ntiyari mu nzira yayo kw’ibarabara igihe iyo mpanuka yaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG