Uko wahagera

Abantu Indwi Baraguye mu Mirwano mu Buraruko bwa Kongo


Umusirikare umwe wa Reta muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo na ba Mai-Mai batandatu bapfuye mu gutana mu mitwe kwabaye, uno musi ku wa kane, mu buraruko bw’igihugu. Aho ni hafi y’ububibe n’igihugu ca Uganda. Ivyo vyatangajwe n’igisirikare ca Kongo.

Kuva mu ntango z’umwaka w’i 2017, abarwanyi ba Mai-Mai baragize ibitero incuro zitari nke ku birindiro vy’inteko za Kongo mu karere ko mu buseruko bw’igihugu.

Ugutana mu miwte kwa nyuma kwabaye hagati y’inteko za Reta n’abarwanyi hafi y’isaha zibiri zo mu gitindo, mu karere ka Kasindi mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.

Akarere ka Kasindi ni ikibanza gikomeye mu buseruko bw’igihugu ku bidandazwa vyinjira n’ibisoshoka mu gihugu. Ibidandazwa vyinshi bivuye mu gihugu ca Uganda vyinjira muri Kongo bica mur’ico kibanza.

Umuvugizi w’igisirikare mu karere ka Kivu yo mu buraruko, Liyetena Jules Tshikudi avauga kw’ababajwe n’urupfu rw’umurisikare wa Rete n’abandi batatu bakomeretse.Atangaza kw’umutekano wagarutse inyuma y’amasaha atari make y’ugutana mu mitwe kwakoresheje ibirwanisho bikomakomeye.

Akarere ko mu buserukso bwa Kongo n’akarere kamaze igihe kirekire kageramiwe n’uruhagarara n’ubwicanyi.

Ugutana mu mitwe hagati y’tinteko za Reta n’imirwi yitwaje ibirwanisho kwariyongeye bikomeye mur’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG