Uko wahagera

Abantu 10 Barakomerekejwe na Bombe mu Burusiya


Igipolisi gihagaze ku rwinjiriro wr'amaduka, inyuma y'aho haturikiye bombe i St. Petersburg mu Burusiya
Igipolisi gihagaze ku rwinjiriro wr'amaduka, inyuma y'aho haturikiye bombe i St. Petersburg mu Burusiya

Abantu cumi barakomerekejwe na bombe yakozwe n’iminwe yaturikiye hafi y'amazu yo kudandarizamwo mu gisagara ca St. Petersburg, mu Burusiya. Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa gatatu n’abategetsi b’Uburusiya.

Abakora amatohoza bavuga ko buguruye amatohoza kuco bakeka nk'igikorwa co kugerageza kwica abantu.

Abajejwe amagara y’abantu bavuga ko mur’abo 10 bakomeretse atawubabaye cane.

Imvo yatumye ico gitero kiba gushik’ubu ntiramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG