Uko wahagera

Uganda Yishe Abayirwanya Barenga 100 muri RDC


Jeshi la Uganda
Jeshi la Uganda

Igisirikare ca Uganda cemeje kur’uyu wa gatatu ko cishe abarwanyi b’Abayisilamu baharurwa mw’ijana bahurikiye mu muhari ADF uri muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo. Bapfiriye mu bitero vy’indege vy’urutavanako vyo kuva ku musi wa gatanu.

Umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, Jenerali Richard Karemire yavuze ko abakora iterabwoba barenga ijana bishwe abandi batari bake barakomereka, hamwe n’ibikoresho vyabo birasamburwa mu bitero vyabereye ahitwa Erengeti mu ntara ya kivu y’uburaruko.

Kubw’igisirikare ca Uganda, ivyo bitero vyagabwe inyuma y’aho kironkeye amakuru ko uwo muhari urwanya reta wariko uritegura kugaba ibitero ku butaka bwa Uganda.

Mwomenya ko abo barwanyi ba ADF aribo bagirizwa urupfu rw’abasirikare 14 ba Tanzaniya bo mu nteko za Monusco bishwe mw’ijoro ryo ku wa 7 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, umwaka w’2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG