Uko wahagera

ONU Irakeza Abanyaliberiya mu Matora Yatekanye


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, hamwe John Dramani Mahama, yahoze arongoye Ghana akaba n’umukuru w’indorerezi zarungitswe n’ishirahamwe Cédéao, barashima ko igice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu muri Liberiya cabaye mw’ituze ntangere.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora mur'ico gihugu wamenyesheje kur’uyu wa gatatu ko utangura gutangaza ibiharuro vya mbere vy’imfatakibanza kur’uyu wa kane.

Amatora yabaye ku musi wa kabiri yahuje senateri George Weah hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu Joseph Boakai.

Gushik’ubu nta rugero rw’abitavye ayo matora ruratangazwa.

Mw’itangazo yasohoye kur'uyu wa gatatu ari i New York ku cicaro ca ONU, Guterres yarakeje reta ya Liberiya, imigambwe ya politike hamwe n’Abanyaliberiya ubwabo.

Asaba umurwi ujejwe gutunganya amatora kunyarutsa gutangaza ivyayavuyemwo kugira abanyagihugu ntibarambirwe no kumenya uko vyagenze ivyohava bivyura amakenga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG