Uko wahagera

KENYA: Abanyeshure 90% Ntibatoye Ikizamini co Kuja muri Kaminuza


Bamwe mu bashingamateka batavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kenya basaba reta itohoza ku mpamvu ibice 90 kw’ijana vy’abanyeshure batatoye ikizamini co kurangiza amashure yisumbuye.

Umushikiranganji wa Kenya ajejwe indero, we avuga ko ashima amanota y’abo banyeshure yashizwe ahagaragara.

Muri uyu mwaka w'i 2017 abanyeshure barenga ibihumbi amajana atandatu muri Kenya nibo bafashe ikizamini co kurangiza amashure yisumbuye. Ariko ibice 10 kw’ijana vy’abo nibo bonyene baronse amanota akwiye yo kuja muri kaminuza.

Ivyo vyateye amakenga menshi ku bavyeyi n’abigisha mu mashure ya reta.

Fred Matiangi umushikiranganji wa Kenya ajejwe indero, avuga ati: "Ndashima cane amanota yashizwe ahabona mu myaka ya 2016 na 2017, kubera twari tubayeho mu binyoma igihe kire kire”. Ati “igihe kirageze kugira hagire igihindutse kubera ukwo kuri twamenye”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG