Uko wahagera

George Weah Avuga ko Yatsinze Itora rya Perezida muri Liberiya


Umukandida George Weah atangaza ko yatsinze incuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu muri Liberiya. Yamara urwego rujejwe amatora mu gihugu ntiruratangaza icese uwatsinze amatora

Weah avuga ko yatsinze intara 12 kuri 15 zigize Liberiya. Akoresheje urubuga Twitter, Weah yashimiye abantu bose bamushigikiye. Yatangaje kw’azobohoza igihugu. Niba yatsinze, Weah yaba agiye kuba perezida ugira uwa 25 wa Liberiya. Uwo bahiganywe, Joseph Boakai yabaye icegera ca Perezida, mu kiringo c’imyaka cumi n’ibiri yatsinze intara zibiri gusa.

George Weah yahoze ar’umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru n’icegera ca Prezida wa Liberiya, Joseph Boakai bahiganiwe gusubirira Prezida Johnson Sirleaf.

Vyitezwe ko Perezida Sirleaf ashikiriza ubutegetsi inyuma yuko arangije ibiringo bibiri. Ibwirizwa shingiro ry’igihugu ca Liberiya gitegekanya ibiringo bibiri gusa kuri perezida.

Igitigiri c’abitavye amatora kivurwa ko cari musi y’ico abitavye incuro ya mbere y’amatora yabaye kw’italiki cumi z’ukwezi kw’icumi. Mu ncuro ya mbere, George Weah na Joseph Boakai ni bo baronse amajwi menshi. Ivyo vyatumye bashobora guhiganwa mu ncuro ya kabiri.

Abo bakandida bompi bashimikiye mu gikorwa cabo c’ukwiyamamaza ku vyerekeye gutuma ubuzi buboneka, ku bijanye n’indero n’inyubako zifasha mw’iterambere.

Abanebagura Boakai, afise imyaka 73, bamwagiriza kw’ata kinini yakoze mu mabanga yiwe y’icegera ca Prezida Johnson Sirleaf. Naho, abanebagura George Weah, afise imyaka 51, bavuga ko ata vyerekeye politike n’intwaro amenyereye.

Abanyaliberiya bagiye mu matora y’incuro ya kabiri y’umukuru w’igihugu kur'uyu wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG