Uko wahagera

Amerika yahanye Abategesi 2 ba Koreya ya Ruguru


Inyubakwa y'Ubushikiranganji bw'Amerika bw'Ubutunzi
Inyubakwa y'Ubushikiranganji bw'Amerika bw'Ubutunzi

Reta zunze ubumwe z’Amerika zafatiye ibihano abategetsi babiri b’Abanyakoreya ya ruguru mu ruhara bagize muri porogaramu ya misile mur’ico gihugu.

Ubushikiranganji bw’ikigega ca reta muri Amerika buvuga ko Kim Jong Sik na Ri Pyong Chol bagize uruhara rukomeye mu mugambi w’ibirwanisho vya Nikleyeri ya Koreya ya ruguru, Amerika ivuga ko bitubahiriza amategeko mpuzamakungu.

Ibi bihano kur’abo bategetsi bije inyuma y’ibindi inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano yafatiye Koreya ya ruguru ku musi wa gatanu bigerera urugero ibidandazwa vy’ibitoro ici gihugu kigurira mu mahanga.

Hambavu y’ivyo bihano, Uburusiya butangaza ko umushikiranganji wabwo w’imigenderanire n’ayandi makungu Sergei Lavrov, yabwiye mugenzi we wa Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa kabiri ko imvugo y’iterabwoba y’Amerika ariyo yatumye haba icuka kibi mur’ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG