Uko wahagera

Liberiya: Guharura Ivyavuye mu matora Vyatanguye


Abanyalibariya barindiranye igishika kumenya izina ry’uwugiye kuzobarongora inyuma y’igice kigira kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye kur’uyu wa kabiri.

Ibikorwa vyo guharura amajwi hagati ya George Weah yahoze ar’umukinyi w’umupira w’amaguru rurangiranwa na Joseph Boakai, icegera c’umukuru w’igihugu vyatanguye ku mugoroba wo kuwa kabiri.

N’inyuma y’amatora yashimwe n’indorerezi mvamakungu zariko zirayakurikirana zavuze ko yagenze neza.

Goodluck Jonathan, yahoze arongoye Nijeriya, akaba arongoye umurwi w’indorerezi warungitswe n'ikigo National Democratic Insitute, gifise icicaro muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yavuze ko mu gihe vyogenda neza gushika ku musozo, yoba ibaye intsinzi ikomeye kuri Liberiya no ku mugabane w'Afrika.

Izina ry’uwuzotsinda ayo matora, ari nawe azosubirira, Ellen Johnson Sirleaf, umukenyezi rudende atwara igihugu muri Afrika rizomenyekana mu misi iri imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG