Uko wahagera

Ubwato bubiri bwararokoye mw’ijoro ryo kuwa mbere rishira uwa kabiri abimukira 225 bari mu bundi bwato butatu bwari mw’ibahari Meditarane ku ruhande rwa Libiya. Ivyo vyashikirijwe n’abasirikare b’Ubutaliyano bacungera inkengera z’amazi.

Ikimenyeshamakuru "La Repubblica", candikira mu Butaliyano catangaje ko abimukira baca muri Libiya bagabanutse kubera ibihe vy'imbeho nyinshi umugabane wa Burayi urimwo.

Ivyo bikorwa vyo gutabara abimukira vyabaye hatari bwahere imisi ibiri umwungere wa Ekleziya Katolika papa Faransisiko ateye akamo abo bose berwa n’ico kibazo kwitwararika abimukira birukanwe mu bihugu vyabo, aharangwa Ubutegetsi yise ko burajwe ishinga no gusesa amaraso y’abanyagihuguo ataco bazira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG