Uko wahagera

Abashikirizwamanza n’abanyepolitike muri Turkiya, bagabisha ko itegeko rishasha ryerekeye ibihe bidasanzwe mu gihugu rishobora guteza uruhagarara harimwo n’ubwicanyi. Bavuga kw'iryo tegeko rishobora gutuma havuka imigwi irara irondo mu ntumbero yo kwikingira umutekano.

Ishirahamwe ry’abashikirizwamanza bo muri Turkiya rivuga kw’iryo tegeko ridatomoye neza rishobora gutuma haduka ubwicanyi.

Iryo tegeko rishasha riha uburenganzira bwo kudakurikiranwa n’amategeko, abasivile bafashije gutesha coup d’etat yateguwe mu 2016.

Ejo ku musi wa mbere, umugambwe ukomeye w’abatavuga rumwe na reta, Republican People’s Party, watangaje ko ugiye kw’itwarira iryo tegeko muri sentare ijejwe ibwirizwashingiro. Ivi Parti, uwundi mugambwe mushasha utavuga rumwe na reta, nawo uvuga kw’iryo tegeko rishobora gutuma imigwi imwe imwe igira ibitero kubagira imyiyerekano y’abatavuga rumwe na reta babahora ko bagize uruhara muri coup d’etat yateshejwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG